Sowers Group ni iki? The Sowers ni umurwi w’urwaruka rukristo ahurikiye mu mashengero atandukanye hano mu mu Burundi.
Uwo murwi watanguye kw’igenekerezo rya 14/01/2017. Watanguriye mu gisagara ca Bujumbura muri komine Ntahangwa, zone Buterere nk’uko Paradise.rw twabibwiwe na nyene gutanguza uwo murwi ari we Ndikumana Fiston batazira Fiston Sower.
Uwo murwi ukaba uhurikiyemwo urwaruka rutandukanye ruri mu mashengero atandukanye ari hano mu burundi.
Intumbero ya Sowers Group ni igushikana imishaha myinshi kuri Yesu Kristo nk’uko twabibwiwe n’uwurongoye uyo murwi Fiston batazira Fiston Sower bisunze amajambo y’Imana dusanga mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Matayo 28:19-20.
Fiston Sowers yatubwiye ko bamaze gushika ku ntambwe ishimishije uravye igihe bamaze batanguje uyu murwi, uyu musi uyo murwi ukaba ukorera mu ntara 4 ziri mu gihugu c’u Burundi izo nazo akaba ari: Bujumbura Mairie, Bubanza, Cibitoke hamwe na Ngozi.
Nubwo biruko murumva ko impinga iracari ndende kuko urumva mu ntara 18 zigize igihugu c’u Burundi bamaze kugera muri zine zonyene gusa.
Uretse kuvuga ubutumwa mwiza biciye mw’ijambo ry’Imana mwoba mufise ibindi bikorwa mukora muri Sowers Group in Burundi?
Tuganira na Fiston Sowers yatubwiye ko nabo nyene batasigaye inyuma mw’iterambere ry’igihugu kuko uyu musi uyo murwi ufise amashure y’imyuga (ECOLE POLYTECHNIQUE).
Bakaba bigishamwo ibisata bitandukanye Igifaransa, Icongereza, Ikoranabuhinga (Informatique), Umuyagankuba (Electricite), Art (Akaranga).
Ivyo bikaba biri mu migambi uyo murwi uriko urakora hano mu Burundi. Tumubajije iyo bakura uburyo kuko ivyo vyose bisaba amahera menshi, yatwishuye ko bagerageza kwiyungunganya muri duke bafise bagakora ibishobotse.
N’IKI USABA ABAKUNZI B’UMURWI CANKE UMUNTU WESE AHARI?
"Turasaba umuntu wese kudushigikira mukudufata mu mugongo kuko ataburyo bukwiye dufise, rero umuntu wese aho aherereye kw’isi yumva yogira ico ashoboye gukora yogikora kugira mushobore kudushigikira muri iki gikorwa twatanguye mu ntumbero yo gushikana benshi kuri Yesu Kristo no guteza imbere ubuzima bw’igihugu ndetse n’ubuzima rukristo".
Fiston Sower yarangije ashimira abadahengeshanya kubatera intege muri ivyo bikorwa anasaba n’abanyamitahe kubashigikira, yongeye anashimira abagize uwo murwi bose ukuntu bitanga batiziganya mu gikora ibikorwa bitandukanye vy’uyo murwi.
Yongeye ahamagarira abashaka kwiga muri ayo mashure kuyahurumbira kuko batanga ubumenyi buzira inenge.
Twobamenyesha igihe twaganira na Fiston batazira Fiston Sower yari yibereye mu gihugu kibanyi ca Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Kongo (DRC) aho ubu asigaye akorera imirimo yiwe ya misi yose.
Abipfuza kugira ico baterera mwoca kuri numero mubona aho musi +257 61 659 768 iri kuri Whatsapp amazina ni Emma Sower. Canke ugaca ku rubuga rwabo rwa Facebook rwa Sowers group.
Sowers Group in Burundi, umurwi w’urwaruka rukristo
Ndashima vyumwihariko uwuri ko akora kino gi korwa ndumva umutima wanje unezerejwe nibibikorwa mukoze ndabakunda cane