Ndayikengurukiye Vestine n’umwe mubakobwa bariko bavyifatamwo neza muri Gospel i Burundi. Abavyeyi bamwise Ndayikengurukiye Vestine ariko umuziki utuma yitwa Vestine Suzane.
Vestine ninde? Yavukiyehe?
Aganira na Paradise.rw yatubwiye uwariwe n’aho yavukiye. Intara yiwe y’amavuko ni Makamba muri komine Nyanza lac umusozi bukeye avuka mu muryango w’abana batandatu abakobwa batanu n’umuhungu umwe akaba ari umwana wa gatatu mu muryango iwabo.
Yabuze maman wiwe akiri muto cane ariko papa wiwe azana undi mugore abana nawe, yavukiye Mu muryango ukijijwe Kuko papa wiwe ni Pastor.
None amashure yiwe yayize hehe?
Amashure y’intango yayigiye i Nyanza lac Mu ntara yamakamba, ayisumbuye nayo nyene yayize aho nyene ariko ntiyashoboye kuyaherezayo.
Ageze mu mwaka w’umunani yaciye agenda kwiga ibujumbura nahonyene ntivyamworoheye Kuko yagumye ahura n’uburwayi bwatumye adashobora kubandanya amashure yiwe maze ayagarukiriza mu mwaka w’icumi nakabiri, ariko afise ivyizigiro ko uyu mwaka ashobora kubandanya agaheza umwaka wanyuma ari wo wacumi n’agatatu.
None vestine yamenye ryari ko afise ingabirano yokuririmba ?
Aganira na Paradise.rw yavuze ko yatanguye kuririmba muri rya Shure ry’abana bo kuw’Imana ( sunday school), guhera ubwo acamenyako muri we harimwo ingabirano yokuririmba Maze aherako atangura kuririmba mw’ishengero kugeza nanubu.
Hoho yatanguye kwinjira neza mu kibuga c’umuziki ryari?
Mu mwaka wa 2021 niho yatanguye kuririmba kugiti ciwe indirimbo yiwe yambere yarakorewe n’undi muntu. Vestine afise indirimbo indwi kugeza uyu musi zibiri ni izitagaragaza amashusho izindi zitanu nizigaragaza amashusho kandi ziri kuri youtube.
None yoba afise managementi imukurikirana?
Ego arafise managementi imukurikirana Kuko ariyo imufasha gukora izo ndirimbo zose kandi bakazishira no kurubuga rwabo rwa youtube.
Nubwo biruko vestine arasaba abakunzi biwe gukomeza bamushigikira muburyo bw’amasengesho ndetse n’uburyo bw’amafaranga Kuko yipfuza kugera kure cane hashoboka muntumbero yokubwira abatuye isi ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo biciye mu kuririmba.
Reka dutere intege uyu mukobwa mwiza wuzuye umwuka w’Imana Isumba vyose vestine gukomeza igikorwa ciza co kuririmba indirimbo zihimbaza Imana kandi imbere niheza natarwa isari munzira azahembwa n’Imana yaremye ijuru n’isi.
Paradise.rw imwipfurije kugera kure cane hashoboka mw’izina rya Yesu Kristo. Abipfuza gushigikira vestine nokuraba indirimbo ziwe baje kuri youtube Channel yiwe bandikeko Suzane vestine gutyo baca bazibona .
Kandi mushobora kugira ico mu muterereye muciye kuri numéro yiwe ya isanzwe ni +25769048862. Mushobora kumushigikira muciye kuri lumicash yiwe murakoze.