× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Aho abantu bazi kuri bu Maramarire niho Yesu aje kugutabarira


Aho abantu bazi kuri bu Maramarire niho Yesu aje kugutabarira

Umusi wa kabiri w’igikorane categuwe na Enhakkore Center Churchh Iriba ry’Uwambaza.

Isaha icumi n’iminota mirongwibiri n’itandatu (16h26’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda niho umurwi w’abaririmvyi ba Worship team bashika kuruhimbi mw’isengesho rituje bakurikizako indirimbo zoguhimbaza nogutazira Imana.

Mu ndirimbo za Gisubizo Ministry na Healling Ministry n’izindi zitandukanye zatumye Ishengero ryose rihaguruka rifashanya na worship team guhimbaza Imana buzuye impwemu y’Imana.

Isaha icumi n’imwe n’iminota icumi (17h10’) niho umurongozi wa programu yahagurukiye ku ruhimbi mu gihe worship team yari mu gisirimba kiryoheye amatwi n’umutima, mpamagarira abasenga caririmbwe na korari komeze gusenga yari irongowe na nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Umurongozi yafatiyeko kuriyo ndirimbo nyene abwira ishengero ryose ko arigihe cokurondera Imana atari igihe cokuryama kunywa no kurya.

Yahaye umwanya umukozi w’Imana Pastor wa paruwasi Simubi Chantal asenga isengesho ryo kuduza ibendera ishengero ryose rihagaze riha icubahiro Imana, bashima kubona bashoboye kugera kuri uwo musi wa kabiri w’igikorane amahoro.

Umurongozi yashimiye worship team maze asaba ishengero kugururira Imana imitima yabo .

Yahaye umwanya umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru Niyonkuru kugira yakire abashitsi, ariko asaba ishengero kubanza gusenga , yibutsa ishengero ingene abigishwa bari munzira baja emawusi maze Yesu arabiyereka kuko bariko baganira inkuru za yesu kristo .

Yasavye ishengero ko murino misi bobandanya basenga Imana nkuko umuvugishwa n’Imana Yesaya yabivuze ngo abibutsa Uhoraho ntibaruhuke, ngo nabo basenge kugeza aho yerusalemu hazohinduka amashimwe.

Mundirimbo nyinshi nziza cane zirimwo amavuta y’Imana umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru Niyonkuru yaririmvye vyatumye ishengero ryose ryuzura umwuka w’Imana riba mubihe vyiza caaane, yaciye asenga isengesho ryatumye imitima ya benshi ihembuka isubirana inkomezi n’ivyizigiro. Arangiza yakira abashitsi batabonetse kumusi wambere w’igikorane.

Umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru Niyonkuru yasengeye abagiye gushikanira Imana maze ishengero ritanga amashikanwa korari ushindi iriko irahimbaza Imana.

Pastor Ernest yasengeye umukozi w’Imana yaragiye kwigisha ijambo ry’Imana. Yifashishije igitabo c’ubutumwa bwiza bwa YESU KRISTO uko bwanditswe na luka 7 hamwe n’igitabo canditswe na mose arico itanguriro 18: 9-14

Umukozi w’Imana yaje avuye mugihugu kibanyi c’urwanda yitwa Ev Mbarushimana John yigishije ijambo ry’Imana rifise urufatiro ruvuga ngo uburetse kwiheba birashoboka.

Yavuze kuri petero ingene malayika w’Imana yamusanze mw’ibohero mw’ijoro maze akamukurayo Petero akibaza ko ar’indoto ariko ari ukuri.

Yongera avuga kumugore yari umupfakazi afise umwana wiwe umwe munyuma umwana nawe arapfa abiwabo n’umugabo batanguye kuvuga uko bari bugabure ibintu hama nawe bakamwirukana agataha iwabo ataco afise.

Maze abantu batwaye uyo mwana kumuhamba bageze kw’irembo basohoka bahura na yesu kristo aramuzura aba muzima.

"Bivurwa ngo iyo YESU KRISTO aje gutabara ntabwo aca mw’irembo ryinjira mugisagara ahubwo aca mw’irembo risohoka mugisagara".

Umukozi w’Imana yafashe umwanya munini uwumara ariko arashinga intahe y’ukungene Imana yamukijije urupfu mugihe c’ihonyabwoko ryabereye mu rwanda mu mwaka wa 1994 avuga ingene umuntu yaragiye kumutema maze ukuboko kwiwe kuguma hejuru guherayo.

Maze mama wiwe bagiye kumwica yamubwiye ko amaboko yiwe ataco ashoboye ariko amubwira ko amusize mu maboko y’Imana.

Yavuze ingene Imana yamukoreye igitanganza afise amahera 1200frw agiye mugikorwa c’Imana maze agaruka afise ibihumbi amajana indwi 700.000frw ici gihe umugore wiwe yari yibungenze iryo joro Ayo mahera bayaraje musi y’imatera kugira ngo abasuma ntibayibe.

Intahe yiwe yatumye abantu besnhi buzira amarira

Yarangije asengera ishengero aribwirako ejo bazozana amadokima yabo akayasengera.

Isaha zibiri z’ijoro zirenga iminota itanu (20h05’) niho umukozi w’Imana yaheza kwigisha, maze umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru Niyonkuru ashimira umukozi w’Imana asaba ishengero gutumira abandi biciye ku rubuga rwa zoom, yasozereye yibutsa ishengero urutonde rw’igikorane na programu yose maze asengera ishengero ryose ritahana umunezero.

Tubibutse ko umukozi w’Imana yasengeye amazi maze asaba ishengero kuyakoresha mukuyakaraba mukuyoga no mukuyaha abarwaye bose.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.