× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Amaze kuzuka bose yabiyeretse ari muzima: Umusi wa mbere w’igikorane categuwe na Enhkkore Center Church


Amaze kuzuka bose yabiyeretse ari muzima: Umusi wa mbere w'igikorane categuwe na Enhkkore Center Church

Nk’uko twari twabibabwiye mu nkuru yacu duheruka kwandika hano kuri Paradise.rw ko Ishengero ya ENHAKKORE CENTER CHURCH IRIBA RY’UWAMBAZA ryabateguriye igikorane c’imisi itandatu sivy’imbeshere uyu musi catanguye ukuri kwamye.

Mu masaha y’isakumi (16h00’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda niho igikorane catangura gitangujwe na WORSHIP TEAM yahagurukanye indirimbo n’isengesho maze ishengero ryose riba mubihe vyiza vyo guhimbaza no gutazira Imana, aho vyagarageye ko ishengero ryari rinyitewe ico gikorane.

WORSHIP TEAM bari mubihe vyiza vyogutazira Imana umurongozi wa programu yahagurukiye muri ayo mavuta ahimbazanya nabo bose banezerewe, yaciye aha umwanya Pastor Étienne ngo asenge usengesho ryo kwereka Imana urutonde rwose ndetse nokuyishimira kubw’umusi wambere w’igikorane.

UMWANYA WO KWAKIRA ABASHITSI.

Umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre NURU NIYONKURU yashitse kuruhimbi ari mu mavuta menshi cane yibutsa ishengero ivyico gikorane maze yakira abakozi b’Imana bo mw’ishengero akurikiza imirwi y’abaririvyi Ushindi na Worship Team yongerako ishengero ryose.

Muri rusangi ahejeje yakira abashitsi bari hagati mw’ishengero asozera yakira umushitsi yaje avuye mugihugu kibanyi c’urwanda yitwa Ev. Mbarushimana John wo mw’ishengero rya Bethesda Holy Church mu Rwanda kwa Bishop Rugamba Albert aramutsa ishengero.

UMWANYA WO GUSHIKANIRA IMANA

Ishengero ryose ryashikaniye Imana korari USHINDI iriko irahimbaza Imana .

UMWANYA W’IJAMBO RY’IMANA

Umukozi w’Imana Isumba vyose yaje avuye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda Ev. Mbarushimana John yashitse kuruhimbi maze afata umwanya wokwigisha ijambo ry’Imana

Urufatiro RW’IJAMBO RY’UMISI WA MBERE RYARI:" IMBARAGA Z’ISEZRANO"

Yifashishije igitabo c’uwavigishwa n’Imana Yesaya 45:1-.... Hamwe na ezekiyeli 16:1-... Yavuze cane uburyo INKOMEZI Z’ISEZRANO zarinze uwitwa kuro.

Mugihe c’umwami Eustache yatwara ubumedi yarafise umukobwa wiwe yitwa Mandine amushingira mubundi bwami bw’ubuperesi, amaze gutwara inda se wiwe yasavyeko bamuzana iwabo mubamedi akavyarirayo maze ategeka ko niyavyara umuhungu bazoca bamutwara bakamubwirako yavyaye umwana yapfuye.

Ariko niyavyara umukobwa bamureke abeho,
Kubw’amahirwe mabi uwo mukobwa Mandine yavyaye umwana w’umuhungu maze baramutwara bumuha sekuru.

Sekuru nawe yamuhaye umwe mubagendanyi biwe amujane kure cane amwicireyo Maze agureke amwereke aho yamuhamvye.

ICO IMANA YANDITSE KU BUZIMA BWAWE NTA MWANA W’UMUNTU AFISE UBUBASHA BWOKUGIFUTA.

Uwo mugendanyi akigenda yahuye n’umuntu yiviriye mubwami bundi aje gutanga amakuru ibwami maze amuha wa mwana ngo agende kumwica maze umuhe naho yamuhamvye nawe aca arasubira inyuma yemeza umwami ko yamwishe.

Wa muntu ashitse imuhira asanga n’amarira kuko yari yagiye asiga umugore wiwe yibungenze agaruka asanga yavyaye umwana yapfuye .
Maze wa mwana abona amahirwe yukubaho ntiyicwa arererwa Muri uyo muryango.

Yiga amashure yagisirikare agira ubwenge bwinshi kandi aturwa n’amata y’inka za sekuru uwmwe yashaka kumwica Maze aza kumenyako akiriho atagishobora kumwica.

Uko nikwo uwo mwana yabyeho maze yitwa kuro ico Imana yamuvuzeko inyuma ynimyaka 113 umuhanuzi yesaya amuvuzeko maze aba umwami .

Yongeye avuga kuri wa mwana yatawe na nyina umuhetikazi na se umwamoni ariko Imana iramwitorera imuha kubaho.

Yashinze intahe muri make ingene yahora ari mayibobo mw’ibarabara kuri eto kicukiro Imana ikamukurayo avuga n’ingene Imana yamubujije gutwara umukobwa bari bagiye kwubakana.

Yarangije asengera abantu maze ababwirako umusi unurikir a bazoza bazanye amazi bakayasengera.

Umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru NIYONKURU yibukije ishengero ko bakwiye gutumira abantu kuza murico gikorane maze ashimira ishengero ryose arangije asenga Imana batahana umunezero

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.