Apôtre Nuru Niyonkuru, Umwungere Mukuru w’ishengero rya Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza, yagaruwe mu isi ageze mw’ijuru.
Mu Ijoro Pastor Theogene Niyonshuti yatabarutsemwo, Apôtre Nuru Niyonkuru, umwungere mukuru w’ishengero rya Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza, yari yararyamye arota abona ari muri siporo ahantu bita kuri Collège aduga ikiriri kuri kaminuza y’i Burundi.
Akiduga abona Pastor Theogene Niyonshuti amucaho yiruka cane ntiyamuramutsa kandi ari umugenzi wiwe wa hafi cane.
Apôtre Nuru Niyonkuru aramubwira ati "Mbega Théo ko mperuka urwaye akaguru ukaba uciyeko wiruka cane utanandamukije mbaga warakize ka kaguru?", Pastor Theogene Niyonshuti ntiyamusubiza akomeza kwiruka cane.
Apôtre Nuru yaciye yikangura azazaniwe n’ivyo abonye aca afata téléphone yiwe maze asanga amakuru avuga ko Pastor Theogene Niyonshuti yatabarutse azize impanuka ari kuva mu gihugu c’u Bugunda asigaje nk’ibirometero 4 kugira ashike ku mupaka w’u Rwanda na Uganda ariwo Gatuna.
Apôtre Nuru Niyonkuru yasobanukiwe ko nawe ari mu nzira igana i Siyoni ku murwa wera. Inyuma y’urupfu rwa Pastor Theogene Niyonshuti, Apôtre Nuru Niyonkuru yari yahawe amakuru y’ijuru ko nawe agiye gutaha mbese aronka n’ubuhanuzi bumubwira ko agiye gutaha.
Rero ubwo ijuru ryaza kumutora rimutahanye yambitswe impuzu z’ubukwe amaze kujanwa mw’ijuru yagiye kugarurwa mw’isi ahabwa n’ubutumwa ijuru ryamubwiye kugeza ku batuye isi.
Aho hari mw’ijoro ryo kuwa Kane ubwo yatwarwa mw’ijuru. Ubutumwa yahawe bukubiyemwo ibintu 2 nyamukuru: Kubwira abantu bezwe kuko ishengero rirasinziriye.
Ubwa kabiri aganira na Yesu Kristo yamubwiye agende kubwira abari mu mibabaro bahumure bihangane bagume mu kwizera araje kubamara umubabaro.
Mu masezerano yakoranye n’ijuru yabwiwe kudapfusha ubusa umwanya ahawe wo kuja gutanga ubwo butumwa no kubugeza kure cane, niyo mpamvu yaciye abwira ishengero ryose ayoboye ko bagiye kumara igihe batamubona kuko agiye kuzenguruka ahatandukanye ajanye ubwo butumwa yahawe n’ijuru.
Yifashishije amajambo ari mugitabo c’Abaheburayo 2:1-4 yongeraho Abaheburayo 12:14-15
abwira ishengero kutanjanjwa kuko umugeni agiye gutaha.
Yasozereye ubwo butumwa asaba ishengero ryose kwiyeza kwitunganya kuko igihe co gutahuka kw’ishengero ariwo mugeni wa Yesu Kristo kirashitse.