× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Bakoze igikorwa c’intsahikirwa! Ubwa mbere mu mateka y’i Burundi biyubakiye ubwato butangaje


Bakoze igikorwa c'intsahikirwa! Ubwa mbere mu mateka y'i Burundi biyubakiye ubwato butangaje

Musumba Cargo, ubwato butangaje bwakorewe mu Burundi bwakoze urugendo mu kiyaga Tanganyika.

Kuva u Burundi bwitwa ubwa nyaburunga, bwakoze igikorwa c’intsahikirwa. Ni musumba cargo ubwato bwiza bunini kandi bunatangaje bwakorewe i Burundi.

Ubwo bwato bwatanguye gukorwa ryari? Bwakozwe nande? Bwakorewe he?

Ubwo bwato bwakozwe canke bwatanguye gukorwa mu mwaka wa 2021 bukorerwa mu ntara ya Bujumbura iyo bakunze kwita Bujumbura rural muri komine ya Kabezi ku nkengera z’ikiyaga ca Tanganyika.

Bwakoreshejwe n’umurwizatunga uwmwe wo mu Burundi yitwa Mayondori uwo ari mu banyamafaranga bakomeye mu gihugu c’u Burundi kuko asanzwe afise n’uruganda ruhingura ivyuma vyo kwubaka rwitwa musumba steel n’ayandi mahinguriro atandukanye.

Ubwo bwato Paradise yarashoboye kuja kuburaba bakibukora vyasa nuko atacizere cuko bizoshoboka ko bushobora kugenda neza kuko bumva ari nk’ibitanganza.

Mu mwaka uheze umukuru w’igihugu c’u Burundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yarashoboye kugendera uruganda rwariko rurakora ubwo bwato bamwereke aho ibikorwa bigeze kandi vyari bishimishije cane kurigero rwiza.

None ubwo bwato bwarajeje gukorwa?

Ubwo bwato bwarahejeje gukorwa kandi vyagenze neza cane goseeee. Urugendo rwa mbere rwagenze gute? Hari ku musi wa kane igenekerezo rya 25/06/2023 niho ubwo bwato bwakora urugendo rwa mbere abantu benshi bari bahishikiye kugira birabire ingene ubwo bwato bwakorewe i Burundi buza kugira hejuru y’amazi y’ikiyaga ca Tanganyika.

Imana yarabikoze ku ncuro ya mbere ubwo bwato bwitwa Musumba Cargo bugendera hejuru ku mazi y’ikiyaga ca Tanganyika maze abari ngaho bose bakomera induru rimwe n’amashi menshi bati ’birabaye birabaye u Burundi bukoze ibitanganza’.

Tubibutse ko ubwo bwato bufise ubushobozi bwo gutwara imizigo ingana n’amatoni 1500 na 1700.

Kuva u Burundi bwitwa u Burundi niyo ncuro yabwo ikoze ubwo bwato bivuga ko abarundi bagiye kuhatorera akoyokwe kuko ubu bazoza bagendera mu bwato bwabo bikoreye ni harambe u Burundi n’abarundi Imana umwami uburundi.

Imana yakuduhaye ikudutungire.

Paradise yarashoboye kuja kuraba ubu bwato bakibukora

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.