× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Burundi: Noëlla Nishimwe ufise impano yo kuririmba mu buryo budasanzwe ari mu ihiganwa "TOP TEN OF MARCH"


Burundi: Noëlla Nishimwe ufise impano yo kuririmba mu buryo budasanzwe ari mu ihiganwa "TOP TEN OF MARCH"

Umwana w’umukobwa akiri muto cane ariko afise impano yo kuririmba mu buryo budasanzwe, Noëlla Nishimwe, amaze gusohora indirimbo 3 zose zigaragaza amashusho.

Noëlla Nishimwe arifuza kugeza kure cane umuziki nyobokamana bimwe twita ’International’ ngo kuko abaririmvyi benshi bo mu Burundi bakunze kuba aba ’National’. Ubwo rero Noëlla Nishimwe we ashaka kugera kure cane gose mu gutanga umuziki utamenyerewe mu Burundi.

Uyu musi Noëlla Nishimwe akaba ari mu ihiganwa ry’indirimbo nyobokamana ryateguwe n’iradiyo BLACK FM "TOP TEN OF MARCH".

Iryo higanwa uko ritunganijwe:

Radio BLACK FM itegura iryo higanwa mu ntumbero yagutuma haboneka indirimbo imwe hagati mu ndirimbo cumi ziba ziri guhiganwa. Iyo imwe rero niyo iheza ikaba indirimbo ivuzwa ukwezi kwose kwiyo radio n’utundi tiurusho dutandukanye (IBIHEMBO).

Muri izo ndirimbo icumi rero ziri guhiganwa harimwo indirimbo imwe ya Noëlla Nishimwe ft JIBU THE CLASSIC yitwa "NTUNANIRWA".

Iyo ndirimbo ikaba urimwo ubutumwa bukomeye cane bwo kwibutsa abantu ko nubwo ibihe vyoba bikomeye dufise Imana ishobora kubihindura bikaba vyiza cane.

NI GUTE BATORA INDIRIMBO?

Abashaka gutora indirimbo ya Noëlla Nishimwe ft JIBU THE CLASSIC yitwa NTUNANIRWA, ugenda ku rubuga rwa RADIO BLACK FM ruri kuri Facebook urabonaho urutonde rw’indirimbo 10 maze utoremwo indirimbo imwe hagati mu ndirimbo cumi.

Iyo nayo ushobora gutora uciye muri komantere (commentaire) ukandika NTUNANIRWA by Noëlla Nishimwe ft JIBU THE CLASSIC canke ukandika NTUNANIRWA canke kandi ukandika igiharuro 5 kuko iri mu kibanza ca GATANU.

Ku musi wa gatatu niho muzoshobora gutora mukoresheje téléphone zanyu ngendanwa mu masaha ya saa saba z’umutaga (13h) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda.

Mu gutora uwo musi muzoca ku numero 65 609 609 ku bari mu Burundi, abari mu mahanga muzokongerako akamenyetso +257 65 609 609.

Mwese rero mugire ico mukoze mu gushigikira uyu mukobwa wacu Noëlla Nishimwe kugira ashobore gutahukana intsinzi.

Paradise.rw tuganira na Noëlla Nishimwe binyuze muri Ambassador wacu i Burundi, Furaha NAHIMANA MUGISHA, yatubwiye ko afise icizere co kuzokwegukana iryo higanwa.

Tumubajije ico umuziki umaze kumugezako yatwishuye ko wamuhaye kumenyana n’abantu batandukanye cane kandi ko vuba ashobora kuba ageze aho yipfuza kugera ubwo agasaba abantu bose kumushigikira mu gikorwa ciwe co kwamamaza ubutumwa bwiza bwa YESU KRISTO biciye mu kuririmba.

Noella Nishimwe ari mu ihiganwa ry’indirimbo 10 zikunzwe mu Burundi

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.

Ibitekerezo Byatanzwe

Imana imukomeze

Cyanditswe na: Fiston sower  »   Kuwa 04/04/2023 04:48

Imane kujimbere Wanj

Cyanditswe na:   »   Kuwa 03/04/2023 13:08

Turamushyigikiye cane gose kd tunamusengera azobe uwambere azatugurire soda 🇺🇬🇺🇬✔️🎤
Niyo peace from ug🇺🇬❤️❤️❤️

Cyanditswe na: Niyo peace   »   Kuwa 03/04/2023 12:08

Imana imuje imbere

Cyanditswe na: Jayden  »   Kuwa 03/04/2023 11:47