Déborah Niyirera avyina gakondo akavugira n’inka, afise ubuhanga budasanzwe.
Ndi itetero ry’imitaro umwali wa mudatinya namye mba mu butoya ntereka irebe nda tuza niyirera Déborah uwo niwo muvugo we canke indamukanyo yiwe.
Ushobora kwibaza Déborah niyirera ni muntu ki?
Yavutse italiki 15 ukwezi kwa 7 Mu mwaka wa 2001 avukira Mu karere ka rwamagana mu muryango w’abana 2 akaba ariwe mukuru akaba afise impanga yiwe y’umuhungu.
Yize amashure abanza arayaheza munyuma yiga nayisumbuye ariyo segonderi arayiheza ubu akaba ariko yitegurira kuja kuri kaminuza.
Aganira na Ev Furaha Nahimana Mugisha, Ambasaderi wa Paradise.rw mu Burundi yamubwiye ko yakuze akunda umuco gakondo kuva akiri muto cane.
Ariko akura yifitiye imico nkiyabahungu bitewe n’ukuntu yari agaragara kumubiri yavuzeko yagiye kumva nezako ari umukobwa ahejeje segonderi.
Ni ryari yamenye ko afise impano yo kuririmba no kuvugira inka?
Yatubwiyeko haheze imyaka ishika kuri 4 nukuvuga guhera mu mwaka wa 2019 niho yavumbuye muri we ko afise iyo mpano.
Yaciye atangura gukoresha iyo mpano yiwe kugira ayivyaze umusaruro ntimupfeko ubusa.
Yaciye yinjira neza na neza mu muziki yiga mumwaka wa 4 wa segonderi ariko ahitamwo gukora umudiho wa gakondo akavugira n’inka.
Déborah Niyirera avyina gakondo akavugira n’inka akunze kugaragara mubukwe ari kuririmba akavuga amazina y’inka akavuga amahamba, akavyina igishakamba n’ibindi vyose vyerekeye gakondo.
Umuntu amubajije iyo akomora iyo mpano yiwe yavuzeko yavyisanzemwo kuko haba mu muryango wiwe canke mugisekuruza atanimwe yigeze akora ivyo Déborah Niyirera akora.
Uwo mukobwa mwiza wuzuye uburanga atigera yihindura uruhu afise utubiri twompi yagiye agaragara mu bitaramo bitandukanye vya gakondo aho twovuga nk’ico aherukamwo citwa Gakondo Soirée aho yahutiyemwo na Nyiranyamibwa Suznne;
Rugaba Emmy azwi cane muri filime y’uruhererekane yitwa Papa Sava, Sengabo Jodas na Confy Kibasumba aho rero yarashoboye kwerekana ubuhanga budasanzwe murico gitaramo.
Tumubjije ko ako kazi akora kamuhemba yatwishuyeko ashima Imana nubwo katamuhemba nk’uko we abishaka kandi ko adakunda no kuronka abamuha akazi.
Nizihe ngorane akunda guhura nazo? Yatubwiye ko kenshi akunda kubura abamufasha kugira agere kunzozi n’ico yiyemeje.
Akaba asaba abaturarwanda ndetse n’abandi bose bakunda imico gakondo gukura amaboko mu mpuzu bakamitera inkunga kugira nawe azi agire ico ageze ko mu misi irimbere narirya asanzwe afise impano idasanzwe.
Ku bashaka kugira ico boterera kugira Déborah niyirera avyina gakondo akavugira n’inka agere kunzozi ziwe mwoca kuri iyo numéro mukamuha akazi kandi mukamuterera.
Ku bari hanze y’u Rwanda mushiraho +250 785 592 029 amazina ni Niyirera Déborah. Yarangije asaba abakobwa bagenzi b’iwe gukunda no gukora injyana za gakondo.
Twipfurize amahirwe masa umukobwa ukunzwe cane mu Rwanda muri gakondo akavugira n’inka Niyirera Déborah kugera kure cane hashoboka mu izina rya Yesu Kristo narirya asanzwe akunda Imana no gusenga cane.
Déborah Niyirera avyina gakondo akavugira n’inka