× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Enhakkore Center Church Bujumbura yabateguriye igikorane ca Pasika kizomara indwi yose


Enhakkore Center Church Bujumbura yabateguriye igikorane ca Pasika kizomara indwi yose

Muri iyi ndwi dutanguye ishengero rya Enhakkore Center Church Iriba ry’Uwambaza ryo mu Burundi, ryabateguriye igikorane ca Pasika.

Apôtre Nuru umwungere w’iryo Shengero mu Burundi mbese no ku Isi azoba ari kumwe na Pastor Daniel avuye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda ubwo azoba aje kuba umwigisha w’ico gikorane kizomara indwi yose.

Ico gikorane kizotangura kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 4-4-2023 kugeza kuwa Mungu igenekerezo rya 9-4-2023. Icivugo ni" KANGUKA YESU AKUMURIKIRE".

Iyo ugomba kubona umuco bigusaba gufungura amaso kugira ubone uwo muco. Paradise.rw tuzogenda tubabwira uko igikorane cagenze ku musi ku musi. Ico gikorane kizotangura ejo amasaha ya saa kumi za hano i Burundi no mu Rwanda.

Ikibanza: Ni muri Rohero iruhande ya Café gourmand. Mwese bakundwa muhawe ikaze muri ico gikorane c’ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo.

Ico gikorane kizomara iminsi ndwi

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.