× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Ev. Chris Ndikumana yakoze igikorane cahuje imigabane yose y’isi mu Burundi citabirwa n’abantu ibihumbi 30


Ev. Chris Ndikumana yakoze igikorane cahuje imigabane yose y'isi mu Burundi citabirwa n'abantu ibihumbi 30

KANGUKA BURUNDI IKI NICO GIHE CAWE.

Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, Chris Ndikumana abenshi bakunda cane mu kiganiro "Kanguka" yama atanga buri munsi ku mbuga ngurukana bumenyi, yakoze igikorane cahuje imigabane yose y’isi mu Burundi kandi citabirwa n’abantu bari hagati y’ibihumbi 10 n’ibihumbi 30.

Imbere yuko yigisha yaravuze ko iki arico gihe uburundi bigiye gukanguka cane kuko arigihe nyaco. Umuvugabutumwa bwiza bwa YESU KRISTO yaciye yakira abaje murico gikorane kandi Bari benshi cane bavuye Mu mihingo itandukanye y’isi.

Hari abaje bavuye Congo Brazzaville, RDC, Togo, Gabon, Rwanda, Haïti, Bénin, France, Canada, Belgique, Swede, Danmark, United kingdom,USA n’ahandi henshi.

Tubamenyesheko ari igikorane cagaragayemwo abaririmvyi bakunzwe cane mu gihugu kibanyi c’u Rwanda ari bo Papi Clever na Dorcas kandi na Plaisir Ntaganzwa wa Zaburi Nshya yari yahageze.

Ni igikorane cayobowe n’umuririmvyi akomeye cane mu gihugu c’u Burundi yaramaze imyaka irenga 10 aba mu gihugu ca Australie ariwe David Nduwimana mu ndirimbo zo guhimbaza no gutazira Imana zatumye abari ngaho bose bagira umunezero udasanzwe.

Ni igikorane cari kigizwe n’ibice bitatu bikuru bikuru.

Igice ca mbere: Ivugabutumwa no kwakiriza abantu Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.

Muri ico gice cambere umukozi w’Imana Isumba vyose Chris Ndikumana yasomye amajambo yo mubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na yohana 10:7-10 ubwo yavuze Ku bintu bitatu biranga satani.

1.Ukwiba 2. Kwica 3. Nogutikiza: Ivyo nivyo biranga satani ariwe sekibi.

Hagati aho yavuzeko hari ibiranga Yesu Kristo nawe yisunze amajambo y’Imana yasomye mugitabo c’umuhanuzi yeremiya yavuzeko Yesu Kristo nawe ikimuranga ari ugusangangura ibikorwa vyose vy’umwansi ariwe murwanizi.

Igice cambere yakirangije asengera imbaga y’abantu barenga igihumbi bakiriye Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo bavyizeresheje iyabo mitima n’akanwa kabo Maze arabasengera gutyo bacika Ivyaremwe Bishasha.

Igice ca kabiri: Gusengera uburundi n’abarundi.

Yavuzeko ibintu abarundi benshi bidogera nk’igitoro,isukari,amafanta,amadorali, n’ibindi vyose ukamenga n’umuntu yama yishima arwaye amahere .

Mwiryo sengesho yavuzeko bigira barandure ayo magere Maze uburundi bugire isura nziza itariko amahere kandi ko mundwiza uburundi n’abarundi bazoba babonye ivyo vyose basengeye.

Imbere yogusenga umukozi w’Imana Isumba vyose yari yaje ava muri USA yavuze ukuntu atarazi uburundi ariko ari mubihe vyogusenga Imana imuhishurira uburundi n’abarundi n’ivyiza vyaho.
Ubwo basengeye u Burundi mu gihe umu Ambassadeur wa Paradise.rw mu Burundi nawe yari yazamuye ibendera ry’igihugu nk’uko muza kubinona ku mashusho.

Igice ca gatatu: Gusengera abarwaye.

Mugice cogusengera abarwaye umukozi w’Imana Isumba vyose Chris Ndikumana yabwiye amajambo y’Imana abari ngaho bose bari baje barwaye. Maze arasenga Imana abarwaye Bari ngaho babona ukuboko kw’iburyo kw’Imana kubakiza.

Habayeho gushinga intahe aho hari uwavuye RDC yavuzeko yakize estomac umuvyeyi wakize cancer yo mw’ibere , umubyeyi wavuye muri Tchad yakize hari n’umugore ukomoka muri Haïti asanzwe aba mu bufaransa nawe Imana yakijije kuva amaraso mu mazuru n’izindi ngwara.
Vyukuri habayeho gukira ingwara nokubohoka cane.

Igikorane carangiye isamoya n’iminota mirongwine n’itanu Mu masaha y’iburundi no murwanda ariko kuberako David Nduwimana yaciye yongeraho indirimbo harageze hafi isambiri z’ijoro abantu batarava mukibuga cabereyemwo igikorane.

Tubibutseko Ama hoteli nka yose yo mugisagara ca bujumbura yari yuzuye kuburyo uwaja kurondera icumba kumusi wagatanu atakibonaga.

Mwomenyako ico gikorane cabereye kukibuga c’ushure ry’imyuga rya segonderi ryo Mu kamenge ETS KAMENGE, ari naryo Shure umuvangavanzi w’umuziki w’umunyarwandakazi Dj Brianne ari ho yize.

Hari abantu benshi cane

KANGUKA BURUNDI IKI NICO GIHE CAWE.

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.