Umukozi w’Imana Isumba vyose Ingabire Esther igifaru ca Yesu Kristo yakoreshejwe n’Imana i Burundi.
Amazina yiwe ni Ingabire Esther abenshi bamuzi ku izina rya gifaru, ni umu maman w’abana indwi.
Yageze i Burundi mundwi iheze aje mu bukwe bw’Umwana bari baje gushingira iburundi akihagera kuwagatanu yahise atangura kubwiriza mu matorero atandukanye y’i Bujumbura.
Bitewe n’ukuntu avuga ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo vyatumye yigarurira imitima y’abarundi benshi kuburyo bwaho batanguye kumva yoguma mu Burundi.
Intahe yiwe nimwe muvyatumye n’abantu bamukunda
Ingabire Esther ni umukristo wo mw’ishengero rya ADEPR mu Rwanda Paroisse ya Gatenga akaba n’umukozi w’Imana Isumba vyose. Yaje mu Gatenga avuye i Gikondo Segem.
Mu mwaka wa 2000 yakundanye n’umusore w’umunyamulenge maze muri 2001 bakora ubukwe, mu mwaka wa 2002 bavyara umwana wa mbere w’umuhungu bamwita Yosuwa, mu mwaka wa 2003 bavyarana uwa kabiri w’umuhungu nyene bamwita Karebu.
Muruwo mwaka nyene bitewe nuko abiwabo n’umugabo batamukunda vyatumye Ingabire Esther abenshi bamuzi kw’izina rya gifaru atandukana n’umugabo wiwe.
Umuryango w’umugabo wategetse umugabo wiwe kuja kwiga iburundi Maze umugabo abikoza umugore nawe ati nyabuna niwihute. Ukwo niko urugendo rwabo rwatanguye kugenda ruhura nibicantege.
Umugabo yasize yugururije email umugore wiwe kugira bazoze baravugana aramubwira ati ndagukunda cane ariko iwacu ntibagukunda rero nubona ntasubiye kukwandikira uzoce umenyako banjanye ikongo.
Uko niko yatandukanye n’umugabo wiwe amusigiye abana babiri b’abahungu.
Ubuzima ntibwamworoheye Kuko vyabaye ngombwa ko asubira muhira kwase n’abo bana biwe .
Aho yari yarongowe ataraheza ishure kandi ntibari baranditswe n’umugabo wiwe imbere y’amategeko.
Inarume yamuhaye kuja gucuruza impuzu aho bita ikabuga munyuma Imana imugirira neza imuha umugabo mwiza Aaron maze bakora ubukwe bwiza cane nawe Ingabire Esther abona uwumusubiza kw’ishure ariga aheza segonderi ahabwa akazi ahonyene yize Maze akomeza kwiga na kaminuza .
Ingabire Esther yavyaranye na Aaron abana batatu umukobwa 1 mwiza yitwa Daniella b’abahungu 2 umwe ni Rich Man undi ni King David ushizeko bamwe 2 yavyaranye n’umugabo w’umunyamulenge ukongeraho abandi 2 Aaron yarafise urumvako baca baba 7.
N’umuvyeyi mwiza cane azi kuvuga neza igifaransa, icongereza,ikinyamulenge, ikigande, igikiga n’umuvyeyi uhorana ivyishimo buri gihe.
Uyo rero imisi amaze mu Burundi vyatumye abarundi bamukunda bitewe n’inyigisho ziwe .
Nipfuje kumenya impamvu yatumye bamwita igifaru menyako igihe yarafise inda y’umwana w’umuhererezi ko atigeze ahagarika kuvuga ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo kuko no mundwi yiwe yakwibarukiramwo yari yibereye kugatuti avuga ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo.
Nkwibutseko uyu muvyeyi ari umwe mubavyeyi bakunzwe cane murwanda barimwo maman Lionel nawe nyene ari igifaru iyo bahuye bavuga Imana abantu benshi bakakira Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.
Ingabire Esther ku musi w’ejo niho azosubira mugihugu ciwe c’urwanda nubwo abarundi batari bipfuzako asubira murwanda nawe akababwirako akumbuye umugabo wiwe. Tumwipfurije kuzogira urugendo rwiza cane umukozi w’Imana Isumba vyose Ingabire igifaru ca Yesu Kristo.
Ingabire Esther mu gikorane i Burundi