Mu Burundi yateguwe igikorane co guhimbaza Pasika.
Umwungere Mukuru w’ishengero rya Ebenezer Transformation Holy Church of Burundi, Apôtre RUKUNDO Claude, aratumira abantu bose kuzoba mu gikorane c’umusi umwe wa Pasika aho azoba ari umusi udasanzwe ku buzima bw’umukristo wese uyo musi aho bazoba bibuka umusi w’urupfu no kuzuka kw’umwami Yesu Kristo.
Uwo mwungere w’iryo shengero benshi baramuzi cane mu bihugu bitandukanye amaze gutumirwamwo aho twovuga nko mu bihugu bigize umuryango w’ubuseruko bwa Afrika (EAST AFRICAN COMMUNITY) nka Kenya, Uganda, Tanzana na Congo, n’ahandi hatandukanye.
Yigeze no gutumirwa ku mugabane wa Amerika mu gihugu ca Canada ariko bitewe n’ikiza ca Covid-19 cari cugarije isi yose ntivyakunzeko ajayo.
Amakuru yerekeye Umwungere Mukuru w’iryo shengero ari we RUKUNDO Claude tuzoyababwira mu nkuru yacu yo hanyuma tumaze kuyegeranya yose hamwe tubabwire ishengero akoreramwo uko ryifashe n’ibikorwa vyaryo, tumenye impamvu yatumye atanguza iryo shengero mu Burundi.
Tumenye ryari yatanguye gukora umurimo w’Imana mbese tuzobabwira vyinshi kuri we no mubikorwa vy’Imana akorera mugihugu ciwe c’uburundi. Aho rero mwese murahawe ikaze kuzitabira uwo musi w’Imana kw’ipasika.
Tubibutse ko iryo shengero ryari rimaze indwi yose mu gikorane c’aba Maman caremeshejwe n’umukozi w’Imana wo mu gihugu kibanyi c’u Rwanda yitwa Umutoniwase Pamela aho bagize ibihe vyiza nkuko tubikesha umwe mu ba diyakonikazi wo muri ryo shengero .
Uyu musi uwo mukozi w’Imana Pamela akaba ariho asubira mu Rwanda. Tukarangiza nka Paradise.rw twipfuriza ishengero akoreramwo kuzogira ibihe vyiza vya Pasika.
Muhawe ikaze mwese