Jolyne Ndayiragije, ni umurundikazi ariko akora ibikorinka muri Mozambique mu ndirimbo mpimbaza Mana.
Uyo ni umwe mu barundikazi bariko bavyitwaramwo neza mu mahanga. Mbega Jolyne Ndyiragije ni muntu ki?
Aganira na Paradise.rw, yatubwiye ko yavukiye mu ntara ya Makamba, komine Nyanza Lac, umusozi Bukeye, avuka mu muryango w’abana batandatu abakobwa batanu n’umuhungu umwe akaba ari umu maman ndetse aheruka no kwibaruka.
Yabuze maman wiwe akiri muto cane ariko papa wiwe azana undi mugore abana nawe bakomeza ubuzima. Yavukiye mu muryango ukijijwe Kuko papa wiwe ni Pastor maman wiwe yari umuririmvyikazi.
Niryari yamenye ko afise ingabirano yo kuririmba ?
Kuva akiri muto cane afise imyaka 10 niho yatanguye kwndika indirimbo amaze kuvumbura ko afise ingabirano yokuririmba muri we ico gihe yakomeje kuririmba muri sunday school ndetse no mu ma korari yo mw’ishengero .
Yageze Mu gihugu ca Mozambique gute?
Ubuzima bwatumye yimukira mugihugu ca Mozambique neza na neza mugisagara ca maputo, akaba ariho aba guhera mu mwaka 2015.
Yavuye mugihugu c’uburundi amaze gukora indirimbo ziwe kugiti ciwe ariko zari ama audio gusa nyuma ageze muri Mozambique yakomeje umwuga wo kuririmba mu makorari ndetse nokugiti ciwe.
Tuganira nawe twamubajije indirimbo amaze gukora muri sitidiyo yatubwiyeko ari 5 ariko 3 akaba arizo afise kuri youtube Channel yiwe.
Tumubjije iyo akura uburyo bwo kuja muri studio yatubwiyeko yikora kuri duke afise n’umugabo wiwe agaterera.
Nigiki amaze gukura muri ako kazi akora ko kuririmba ?
Yatwishuyeko atabigaragara cane amaze gukuramwo Kuko intumbero yiwe ariyo kwagura ubwami bw’Imana mukubwira abantu ubutumwa bwiza bwa YESU KRISTO biciye Mu kuririmba.
Nizihe ntambamyi ahura nazo muri uyo mwuga wo kuririmba?
Yatubwiyeko bitamworohera gukorera indirimbo ziwe mugihugu kitari iciwe Kuko usanga banshi cane batumva ururimi rw’ikirundi kandi ngo usanga bizimvye cane ivyo rero nibimwe mubituma adashobora gukora umuziki wiwe nkuko avyipfuza.
Ariko ngukobiri kwose arashima Imana kuvyo agezeko Kuko yatubwiyeko ubu agiye gusohora indirimbo ziri Mu rurimi rwo muri Mozambique hamwe nigiportigale Kuko arivyo bakoresha murico gihugu.
Ngo narirya abanegihugu bo muri Mozambique basigaye bakunda cane ibikorwa vyiwe ubu akaba amaze mbere nokwigisha abeneguhugu baho ururimi rw’ikirundi .
Mugusozera yasavye abarundi baririmba indirimbo mpimbaza Mana gufatana munda bakunga ubumwe, muburyo bwogusegura abamaze gutera imbere ntibirengagize abagitangura muri uyo mwuga gurtyo ngo bizotuma gospel iburundi itera imbere.
Yasozereye asaba abakunzi biwe kumushigikira muburyo bw’amasengesho ndetse n’uburyo bw’amafaranga kugira babashe gukora ibintu vyiza kandi bigere kure cane,
Kandi bakomeze gukurikirana ibikorwa vyabo kuri youtube Channel yiwe.
Tubibutseko Jolyne Ndayiragije afise indirimbo nshasha iriko ikorerwa mu gihugu kibanyi c’u Rwanda n’umuhinyanyuzi yitwa Nicholas, vuba cane akaba agiye kuyikorera amasanamu.
Tubibutseko aheruka nokwibaruka umwana mwiza cane Imana yarakoze kumuzigama mu rugendo rwamezi 9 yibugenze nubwo bitari vyoroshe.
Tumwipfurije kugera kure cane hashoboka mw’izina rya Yesu Kristo.
Jolyne Ndayiragije afise indirimbo nshasha iriko ikorerwa mu Rwanda