× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Ku ncuro y 3 Abarundi bibutse uwahoze ayoboye u Burundi Pierre Nkurunziza


Ku ncuro y 3 Abarundi bibutse uwahoze ayoboye u Burundi Pierre Nkurunziza

Umusi wo kwibuka imyaka itatu imboneza y’amaho ishengeye.

Uyu ni umwaka ugira gatatu uwahoze arongoye igihugu c’u Burundi nyenicubahiro Pierre Nkurunziza ashengeye, tubibutse ko hari mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka wa 2020 mu bitaro vy’ikarusi ubwo abarundi bose bumva inkuru mbi ko umugaba mukuru w’ikirenga w’ingabo akaba na perezida w’igihugu ko yashengeye ibukama.

Kuva ubwo haciye hashirwaho ko iyi taliki ya 8 y’ukwezi kwa gatandatu azoba ari ukwibuka imboneza y’amaho Pierre Nkurunziza.

Uyu musi rero ibirori vyo kwibuka iyo mboneza y’amaho bikaba biriko binera ku murwa mukuru wa politike mu ntara ya gitega bikaba vyatewe iteka na nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye umugaba mukuru w’ikirenga w’ingabo akaba na perezida w’igihugu c’uburundi n’abandi banyenicubahiro batandukanye hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Hagati aho mwibuke ko umuhisi Pierre Nkurunziza yari umukozi w’Imana Isumba vyose yakunda gusenga ico n’ikintu abarundi Bose ndetse n’isi yose izokwama imwibukirako.

Ni kimwe yigishije abarundi ndetse bwari ubwambere mu mateka y’abarundi aho umukuru w’igihugu c’uburundi ashobora kumara imisi 3 ari kumwe n’indongozi z’igihugu n’abarundi Bose bakaba imbere y’Imana basenga

Umuhisi Pierre Nkurunziza yashengeye ibukama asize umupfasoni wiwe Rev. Past Nkurunziza Denise n’abana 5 abahungu 3 n’abakobwa 2.

Uyu musi rero aho twashoboye guca twagiye tubona abantu bambaye impuzu ziriko amafoto ya Pierre Nkurunziza mu ntumbero yokumwibuka no kumuha icubahiro ciwe.

Noharambe uburundi n’abarundi, Imana umwami uburundi. Ntaco turi Imana itatugize ntanico dufise Imana itaduhaye.

Pierre Nkurunziza yibutswe ku ncuro ya 3

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.