× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Kuja kwiga i Buraya yabisimbuje kuzana umugore - Padiri Innocent wa Diyoseze imuyinga yakoze ubukwe


Kuja kwiga i Buraya yabisimbuje kuzana umugore - Padiri Innocent wa Diyoseze imuyinga yakoze ubukwe

Inyuma yokubona ubwiza n’uburanga bw’umurundikazi mwiza cane Padiri Innocent wa diyoseze imuyinga yahisemwo kwiyambura ikanzu y’ubusaseredote ahitamwo gushira mungiro umugambi Imana yatanguje mw’itongo ryo muri edeni ubwo yaha adamu umugore mwiza cane yitwa Eva.

Padiri Innocent yahoze ari uwujejwe ubutunzi bwa diyoseze imuyinga (économe général) amaze kubona uwo mukobwa mwiza yaciye yandikira ikete umwungere mukuru wa diyoseze imuyinga amumenyeshako asezereye kuba umusaseredoti wogukomeza gusukurira umuryango munini wa ekereziya gatorika.

Padiri Innocent yari amaze imyaka ishika kuri 12 ariko ararangura ayo mabanga y’ubusaseredote kandi yari umuntu aciye ubwenge anaciye bugufi ntamuntu yamuvuga nabi.

Hagati aho uyu musaseredoti innoncent yari yahawe urwete rumuha uburenganzira bwokuja kwiga amashure iburaya ariko kubw’urukundo yakunze uwo mukobwa mwiza rurusha inkomezi urwete rumuha uburenganzira bwokuja kwiga amashure yiwe iburaya maze ahitamwo kwibanira nuwo umutima wiwe wakunze.

Rimwe na rimwe umuntu ashobora kwibaza ikibazo cuko abihebeye Imana bashobora gukunda nkuko abandi bantu bose babikora ariko Kuko nabo bambaye umubiri bakagira n’umutima ndetse n’amarangamutima ivyo ni bimwe nabonye bituma nabo bumva boshira mugikorwa umugambi Imana yatanguje mw’itongo rya edeni mugihe ca adamu n’umugore wiwe Eva.

Reka nkwibutseko mubintu vyatumye papa benedigito wa 16 atanga imihoho kwari uko abapatiri bariko bamusaba kwemererwa kurongora. Ni na diyoseze y’imuyinga iheruka kubura umu patiri yitwa Ladislas Sinamenye aho yitavye Imana kumusi wa Kane ushize aguye mucumba ciwe bakaba bazomushingura kuwa Kane hirya y’ejo imuyinga.

Reka twipfurize amahirwe masa padiri Innocent yahoze ari uwujejwe ubutunzi bwa diyoseze imuyinga muri ubu buzima bushasha atanguye inyuma yokubonako kwiyegurira Imana ubuzima bwiwe bwose bitagishobotse, Imana izomuhe kuvyara abahungu n’abakobwa kandi izomubere umuyobozi w’urugo rwiwe.

Imana izomuhe kuvyara abahungu n’abakobwa

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.