Umu Ambasaderi wa Paradise.rw yakoze urugendo mu ntara. Hari ku musi wa gatanu isaha icenda n’iminota mirongwibiri (15h20’), naruye Coaster mva ibujumbura nerekeza mu ntara ya Gitega.
Nururiye hehe nishuye angahe?
Nururiye kugituro ca bus co kuri cotebu arinaho agence za volcano n’izindi nyishi ziparika ngezeho bambwira ngo bus zaheze aho hari kuri volcano na tramwex ngiye kuri Air ponctuel bambwira ngo kuva bujumbura kugera igitega ni ibihumbi icumi (10.000fbu) ahantu bahora bishura ibihumbi 8.000fbu.
Tubajije bamwe mubakoreraho batubwiyweko amazutu yabuze kandi abaduga muntara aribenshi cane. Aho ni mu gihe ugiye ku gituro ca taxi voiture ziduga mu ntara ya Gitega ari ibihumbi 15.000fbu twafashe urugendo rwa mbere twerekeza mu ntara ya Gitega kurondera amakuru nka ambasaderi wa Paradise rw tugera igitega isakumi nimwe n’iminota mirongwine n’itanu (17h45’) mu masaha y’iburundi no murwanda.
Amakuru twari tugiye kurondera kubw’amahirwe meza twarayaronse. Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu isaha icumi na zibiri n’iminota mirongwibiri (6h20’) zo mu gatondo niho nahaguruka mva mu ntara ya gitega nerekeza i Bujumbura.
Nafashe taxi bita probox nyishura amafaranga ibihumbi icumi na bitanu ( 15.000fbu) tugera ibujumbura isaha zibiri n’iminota mirongwibiri nindwi (8h27’) tugeze kuri cotebu ku gituro dusanga kuduga igitega ubu ni 20.000fbu kuri probox.
Aho ni mugihe amazutu ariko arabura ariko esansi ihari. Ikintu twashoboye kubona hagati yabyiyunguruza nabagendesha ama modoka yokwunguruza abantu nuko habaho kudahuriza kubiciro.
Mwibuke ko amafaranga y’u Burundi nk’inoti za 5.000fbu niza 10.000fbu zahinduwe guhera italiki ya 7 ukwezi kwa gatandatu 2023, ivyo rero vyatumye aho twashoboye guca mu gisagara ca Bujumbura usanga hari abagendesha ama bus banka kwakira inoti za hahora ngo ntibaronka aho bazijana mu gihe abayunguruza nabo bavugako ikiringo Co gushika italiki 17 zuk’ukwezi kwa gatandatu 2023 ubushikiranganji bwatanze yuko ayo mafaranga atazoba agikora mu burundi kitaragera.
Abagendesha ayo ma bus nabo baisigurako bagiye kuyavunjisha bibagora Kuko ababavunjira Ku bihumbi 10.000fub basigarana 1.000fbu abagendesha ayo ma bus nabo bagasigarana ibihumbi 9.000fbu.
Aho twaciye handi nko muri bank za kcb nk’igitega twasanze vya vyuma bitanaga amafaranga arivyo ATM bidakora tubajije batubwiyweko arikubera bariko barahindura amafaranga y’uburundi nk’inoti za 10.000fbu niza 5.000fbu twagiye kucicaro gikuru ibujumbura dusanga ico cuma kitaguha amafaranga atenga ibihumbi 100.000fbu mugihe cahora gitanga ayagangana n’ibihumbi 400.000fbu.
Nubwo biruko twasanze imyidogo Ari myishi mubenegihugu Kuko bavugako ikiringo batanze Ari gito cane. Hagati aho ibanki nkuru y’uburundi ariyo BRB yatanze itegeko ku ma banki yose kwakira abaje guhinduza amafaranga Bose ataco barinze kubasaba. Niharambe u Burundi n’abarundi.