Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo Josue Ndayikengurukiye atubwira uko yatanguye umurimo.
Twafashe urugendo rutuvana mu gisagara ca Bujumbura twerekeza mu ntara ya Bubanza aho twari duherekeje umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo Josue.
Mbega Josue Ndayikengurukiye ni nde?
Aganira na Paradise, Josue Ndayikengurukiye yatubwiye ko yavukiye mu ntara ya Ngozi komine Mwumba umusozi wa Musave aho ni naho yize amashure abanza arayaheza mu nyuma aja muri segonderi i Bujumbura nyuma aja kwiga kaminuza ingozi.
Yavutse mu mwaka wa 1995 atangura amashure yiwe muri 2005 kugeza ahejeje kaminuza. Afise abavyeyi bose n’abavukanyi biwe kandi papa wiwe ni Pastor.
Kuri we kuvukira mu muryango ukijijwe vyamuteye kumva nawe yoba umukozi w’Imana. Ariko yatubwiyeko kuvukira mu muryango ukijijwe atarivyo bizotuma uja mw’ijuru buri muntu wese kugiti ciwe akwiye kwironderera ijuru.
Tumubajije ryari yatanguye gukorera Imana canke ni ryari yumvise umuhamagaro wogukorera Imana.
Yatwishuye avuga ko ko yatanguye gukorera Imana akiri muto nyuma yumva umuhamagaro wo gukorera Imana muriwe maze yemerera Imana arayikorera.
Amaze kubatizwa mu mazi menshi mu mwaka wa 2014 mw’ishengero ry’urutare ry’ingozi yaciye atangura kuja mu ma korari atandukanye nokuziyobora .
Urugendo rwogukorera Imana yatubwiyeko rutamworoheye Kuko kuba yatanguye gukorera Imana akiri muto cane ivyo rero nk’umwana w’umusore vyasaba ko abanza kwiyambura ibintu vyose vyotuma akwengwa n’ubusore atubwira ko kugira ahagarare neza yagiye ku musore bita yosefu umuhungu wa yakobo maze ivyo bituma yirinda abagenzi babi maze yiha Imana cane gusumba kwiha abantu.
Tumubajije intambamyi ahura nazo yatubwiyeko ikintu gikunda kumugora cane nukutabona uburyo bukwiye bwotuma ashikana ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo kure cane, kandi mu kazi kandi asanzwe akora gatuma atabasha kubona umwidegemvyo wokuja gukorero Imana bitewe nuko abakoresha batabaha umwanya wiyaguye.
Ariko ngo ariko arasenga kugira Imana imushitse aho ishaka ko agera. Kandi yatubwiyeko bisaba kugira ivyo umuntu aheba kugira yiyegurire Imana.
Josue Ndayikengurukiye yasavye urundi rwaruka kureka kwirukanga inyuma y’ibigaragara vyihuta bibashikana muri gehinomu ahubwo ruhindukirire Imana yo mw’ijuru, yatubwiyeko ariko arasenga cane kugira abashe kuzana abantu benshi kuri Yesu Kristo ahanini cane cane urwaruka kuko arirwo satani yiganziye cane.
Yatubwiye ko yamaze kumira yesu kristo atanakimwe coza gishobora kumukura mu muhamagaro w’Imana Isumba vyose yavuzeko ko yiteguriye kugeza ubutumwa bwiza bwa yesu kristo kw’isi yose kandi aho Imana izomutuma hose yiteguriye kuhaja kandi ko agifise inkomezi zikwiriye zo gukorera Imana.
Turagize yubibutsako umuvugabutumwa bwiza bwa yesu kristo Josue Ndayikengurukiye ariko akorera Imana nk’umuvugabutumwa w’umuhamagaro kandi uyu musi akaba ari mw’ishengero ryitwa iriba ry’uwambaza.
Imana nyene amahoro imuhe inkomezi zikwiriye zokuyukorera kandi izamuhe kutarwa isari mu nzira.
Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo Josue Ndayikengurukiye yatubwiye uko yatanguye umurimo