Iyo bavuze opération kurya umutsima n’igikona utahura iki?
Mu Byanditswe Vyera vya Bibiliya mw’isezerano rya kera mu gitabo c’Abami turahasanga inkuru z’umukozi w’Imana yitwa Eliya igihe ubwe yahanura ko ahagaritse imvura kumara imyaka itatu n’igice.
Inyuma yaho Imana yamurungitse ku kagezi k’ikereti amarayo igihe nako kaza gukama mu nyuma Imana imurungikira igikona kimuzanira umutsima n’inyama. Eliya yariye inyama n’umutsima vyonyene igikona arakireka kiragenda.
Iyo rero tuvuze opération kurya umutsima n’igikona harico tugomvye gusigura reka dusimbire mugihugu ca Kenya turabe iyo opération kurya umutsima n’igikona.
Ruhuka Mu mahoro Patiri Joseph.
Joseph Kariuki Wanjiku ni umupadiri wo mu gihu ca Kenya yaraye yitavye Imana ku myaka 32 y’amavuko.
Ushobora kw’ibaza ngo vyagenze gute?
Uwo mu patiri wa katolika yapfuye azize kuryamana n’umwe mu bakobwa bakora kuri urwo rusengero nyene rwa Gatolika.
Hari muri hoteli Monalisa aho mu gihugu ca Kenya aho Patiri Joseph Kariuki Wanjiku yinjirana nuwo vyitwa ko bari basanzwe bakundana yitwa Ruth Nduhi aho bari bagiye kuryama nuwo witwa umukunzi we.
Mu gitondo k’umusi w’Imana uheze niho hamenyekana ko patiri Joseph kariuki wanjiku yitavye Imana muri iyo hotel .
Uwo mupatiri ubwo yariko arangura amabanga y’abubatse nuwo yita umukunzi we yahise atakaza impwemu n’inguvu maze afatwa n’ibizunguzungu, maze uwo mukobwa yiruka kumutabariza Maze uwo mupatiri acikanira munzira bataramushikana kubitaro.
Ivyurwo rupfu rero ntabwo vyatangaje abakirisu bo murako gace Kuko bari basanzwe babiziko patiri Joseph kariuki wanjiku yama asohokana na Ruth nduhi igihe cose amukenereye.
Twipfurize iruhuko ridashira patiri Joseph kariuki wanjiku wo mugihugu kibanyi ca Kenya.
Iyo bavuze opération kurya umutsima n’igikona nivyo rero Kuko abakirisu n’ibikona bizanira abakozi b’Imana imitsima n’inyama kugira bashitse ivy’Imana ibasaba, ariko hariho abakozi b’Imana baca bashaka kurya umutsima bakaryana n’igikona.
Ivyo bibere icirwa abandi bakozi b’Imana bama bipfuza kurya umutsima n’igikona.
OPÉRATION KURYA UMUTSIMA N’IGIKONA
Ruhuka Mu mahoro Patiri Joseph