Pastor Theogene Niyonshuti yatabarutse afise ubutumire bwo gukora ibikorane mu gihugu c’u Burundi.
Mu ndwi uheze igihugu c’u Rwanda hamwe n’umuryango wose wa Pastor Theogene Niyonshuti abenshi bakunda kumwita Inzahuke bitewe n’ibihe yaciyemwo, abo bose ndetse n’ishengero yakoreramwo imirimo y’Imana ariryo rya Pentecôte mu Rwanda, ADEPR, bumva inkuru y’inca mugongo ko umukozi w’Imana Isumba vyose Pastor Theogene Niyonshuti yatabarutse ahitanywe n’impanuka y’imodoka ari ko ava mu gihugu c’u Bugunda asigaje nk’ibirometero 4 kugira ashike ku mupaka w’u Rwanda n’u Buganda ari wo Gatuna.
Aho hari isaha zine mu masaha yo muro Uganda migihe hari isaha zitatu z’ijoro Mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda. Ni inkuru yababaje abanyarwanda ndetse n’abarundi cane goseeee. Aho ni mu gihe Pastor Theogene Niyonshuti yatabarutse afise ubutumire bwogukora ibikorane Mu gihugu c’uburundi. Abarundi benshi bari bamwiteganye igishika kuko bari bamukunda cane bitewe n’inyigisho ziwe zafashije abarundi benshi kubaho ubuzima bushasha Imana ibashakamwo.
Uyu musi Abarundi benshi aho uciye hose usanga bari kumviriza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo bwavuzwe na Pastor Theogene Niyonshuti abandi bari kuraba youtube Channel yiwe ku musi ku musi. Uyu musi ubajije abarundi batandukanye barakubwirako atawundi mukozi w’Imana yahora afasha imitima yabenshi azoza ameze nka Pastor Theogene Niyonshuti bamukundira guca bugufi kwiwe urukundo yarafise kubantu batishiboye abana bo mumihanda n’uburyo yigishamwo ari gutera urwenya ivyo nibimwe muvyo yakoze vyasigaye mu mitima y’abarundi benshi batandukanye.
Reka tubibutse ko Pastor Theogene Niyonshuti yapfuye asize abakobwa 2 n’abahungu 2 ni ukuvuga abana biwe Bose ni 4 hamwe na Maman wabo Uwanyana Assia hamwe n’abandi bashika hafi 25 yaratunze babana munzu abo yakuye mubiyayura mutwe.
Igikorane ciwe ca nyuma yagikoreye muri Zion Temple Ntarama mu Bugesera aho hihanye abarenge 276 bakakira Yesu Kriso nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.
Kandi yari afise umugambi wo kugira organisation y’inzahuke kugira ashobore gufasha benshi badhoboka, nubwo atashe atabikoze umugore wiwe asigaye yavuzeko azobikora akaguma mu murage w’umugabo w’iwe.
Tubibutse ko Pastor Theogene Niyonshuti yatabarutse afise imyaka hafi 40 akaba yapfuye arikumwe na Donath umuhungu yarasanzwe areze hamwe n’abashitsi 2 Bari bavuye mugihugu ca amerika abo bose batabarukiye rimwe bose.
Umuryango wa Paradise.rw wo mu Burundi uhagarariwe na Ambassadeur Furaha NAHIMANA MUGISHA ukomeje kwihanganisha umuryango wa Pastor Theogene Niyonshuti n’umuryango wa ADEPR wose ndetse n’abanyarwanda bose.
Pastor Theogene yapfuye afise ibikorane mu Burundi
Tumwipfurije iruhuko ridashira.