× Home Ministries Choirs Pastors Bible Entertainment Development Health Love Fashion Music

Umusi wa mbere w’igikorane categuwe na Enhakkore Center Church Iriba ry’uwambaza - PHOTOS


Umusi wa mbere w'igikorane categuwe na Enhakkore Center Church Iriba ry'uwambaza - PHOTOS

Muri iyi ndwi yo kwitegurira Pasika, ishengero rya Enhakkore Center Church Iriba ry’uwambaza, ryatanguye igikorane c’imisi itandatu yose.

Uyu musi wa mbere uti vyagenze gute ?

Le 04/04/2023, igihe c’isaha icumi n’iminota mirongwitatu (16h30’) za hano i Burundi no mu Rwanda niho igikorane catangura gitangujwe na Worship Team yo kuri iryo shengero nyene.

Worship Team yahagurukanye indirimbo yaririmbwe n’umuhanzi ukomeye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda yitwa Simon Kabera, iyo nayo yitwa "Mfashe inanga".

Bakomeje gutazira no guhimbaza Imana aho wabona ko n’ishengero ryose ryuzuye umunezero mwinshi cane.

Isaha icumi n’imwe n’iminota mirongwitanu (17h50’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda niho umwungere mukuru w’iryo shengero, Apôtre Nuru yagera ku ruhimbi (Podium) ahagurukanye indirimbo imwe ya Israel Mbonyi yitwa "Yankuyeho Urubanza".

Mu nyuma yahamagaye umwungere wa Paruwasi ariwe Pastor Simubi Chantal, asenga isengesho ryo gushimira Imana kuba batanguye umusi wa mbere w’igikorane.

Apôtre Nuru yibukije ishengero igikorwa Yesu Kristo yakoze ku musaraba kugira ngo acungure abari mu isi, yisunze ijambo ry’Imana riri mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Yohana 3:16 ko vyose vyakoretse kubera urukundo Imana yakunze abari mu isi rwatumye itanga umwana wayo aza gupfira abantu.

Igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota itanu (18h05’) mu masaha y’i Burundi no mu Rwanda niho yaha umwanya umurwi w’abaririmvyi ba korari USHINDI kugira baririmbe indirimbo imwe aho iyo ndirimbo yagarutse ku gikorwa Petero na Yohana bakoreye kw’irembo ryitwa ryiza ry’urusengero aho bahagurutsa ikimuga.

Isaha icumi na zibiri n’iminota icumi (18h10’) - KWAKIRA ABASHITSI

Umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru yatanguye yakira abakozi b’Imana bo muriryo shengero akurikiza imirwi y’abaririvyi bose korari USHINDI na WORSHIP TEAM hamwe n’ishengero ryose ahereza kuba shitsi.

Yakiriye umuvuga butumwa bwiza bwa Yesu Kristo yaje ava mu gihugu kibanyi c’u Rwanda nawe aramutsa ishengero aridondora ati "Nitwa BINGUYENEZA DANIEL, umugore wanje yitwa MUKAHIRWE CONSOLATA. Mba mu Rwanda nsengera mw’ishengero rya pentekote mu Rwanda ururembo rwa gihungwe paruwasi ndora ndongoye urusengero rwa gishyenyi.
Ni mu ntara y’iburasira zuba Akarere ka Rusizi hahoze ari ’Cyangugu’.

Ahejeje kwidondora yashimiye ishengero kw’ikaze bamuhaye. Umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru yipfurije ishengero kuba mu bihe vyiza vya PASIKA atari bimwe vyo ku mubiri gusa ahubwo bibe ivy’imbere mu mutima.

Hakurikiye abashima Imana kuvyo yabakoreye mu kwezi kwa gatatu aho bashimye ko Imana yabahaye ama visa yo kuja muri Canada. Inyuma yaho habayeho gutanga amashikanwa.

UMWANYA W’IJAMBO RY’IMANA

Umuvugabutumwa bwiza bwa Yesu Kristo yasomye ijambo riri mu gitabo co gusubira muvyagezwe 28:2 aho yashimikiye kw’ijambo rivuga ngo "UMUHEZAGIRO WAWE UGUSHIKIRE. Ahejeje kuvuga yaciye atanga intasho zo mu gihugu kibanyi c’u Rwanda yaje avuye.

Yigishije avuga ko ibintu vyose iyo bitujeko hari igihe bitasushikira. Yatanze akarorero k’ingene bamurungikiye ama euro 500 avuye mu mahanga ariko uwuyazanye ntiyayamuha. Yaciye ashimikira ku bintu bibiri nyamukuru mukwigisha ijambo ry’Imana.

A. ABO UMUGISHA WASHITSEKO VYOROSHE:

Igihe ab’Isirayeli bari igosheni umugisha w’Imana wabashitseko vyoroshe mu gihe abanyeguputa bariko barahura n’ingorane, ariko ab’isirayeli bobo bari mu mugisha w’Imana.

B. ABO WASHITSEKO BIGORANYE:

Daniyeli yasenze imisi 21 kandi kuva agitangura gusenga umusi wiwe wa mbere ijuru ryumvise gusenga kwiwe riramwishura ariko ikirere c’aba Peresi gifata Malayika Gabiriyeli yarazanye inyishu.

Kandi ngo Daniyeli ntabwo yategerezwa gusenga amasengesho y’imisi 21 oya ngo yategerezwa gusenga amasengesho abakongomani bita "MAOMBI YA MAPATANO". Amasengesho usenga kugeza wishuwe.

Yatanze n’akandi karorero ingene yakobo Imana yamuhaye umugisha kuva akiri munda yanyina esawu Mukuru we amuha uwundi awukavye ibiharage yongera yiba umugisha wa esawu Mukurum wiwe imbere ya se ahunze ipadana haramu Imana imwongera uwundi mugisha bisigura ko yari afise imigisha ine harimwo n’umwibano.

Yakobo ageze kwa labani nawe ntiyorohewe yavuze ivyamubayeko aho bamuha umugore atariwe munyuma bamuha uwo yashaka, kwa labani yahamaze imyaka 25 avayo afise abagore 4 bangana naya migisha ine hamwe n’abana cumi n’abatatu abahungu 12 n’umukobwa umwe yitwa Dina.

Mukurangiza umukozi w’Imana yavuze ingene yakobo yagiye gusenga Imana arondera mu nyonga h’’Imana kugira Imana imuhindurire amateka. Maze Imana imukura kuri Yakobo imwita Isirayeli.
Yasavye ishengero gusenga Imana kugira ibahe umugisha yabateguriye.

Umwungere mukuru w’iryo shengero Apôtre Nuru yaciye asenga ku bw’iryo jambo n’umukozi w’Imana yongera asengera umugisha kw’ushengero ryose. Mukurangiza yibukije ishengero urutonde rwose rw’iyi ndwi anababwira gutumira abandi benshi baze kumva ijambo ry’Imana.

Yosezereye ashimira ishengero yongera anarisengera ritahana umunezero mwishi cane aho hari igihe c’isaha imwe n’iminota mirongwine n’umunani z’ijoro (19h48’).

Umusi wa mbere w’igikorane wabaye uwo gusengera ibintu vyahagamye ngo birekurwe.

vyari vyiza cane mu gikorane ca Enhakkore Center Church

Tanga igitekerezo kuri iyi nkuru

pre-moderation

This forum is pre-moderated: your contribution will only appear after being validated by an admin.

Who are you?
Your post

To create paragraphs, just leave blank lines.

Ibitekerezo Byatanzwe

Waooooo vyiza cane IMANA Ihabwicubahiroo

Cyanditswe na:   »   Kuwa 05/04/2023 03:55