Mu giteramo ca James and Daniella caraye kibereye muri New Life Bible church Kicukiro cahembuye imitima ya benshi.
Isaha icumi na zibiri n’iminota umunani (18h08’) z’umugoroba mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, niho Pastor Benjamin Serugo benshi bazi kw’izina rya Ben wo mw’istinda rya Chance and Ben yagera kuri podiyumu afata umwanya wo gutanguza igiteramo kuko ariwe yari ayoboye igiteramo.
Yafashe akanya keza kukugniriza abitabiriye igiteramo maze aririmba indirimbo za James and Daniella bituma abitabiriye igiteramo baja mu bihe vyiza vyokuzura umwuka w’Imana, mu nyuma yatanze umwanya mwiza wo kugira ngo umuntu wese aramutse uwo bicaranye anamubaze amazina kugira bamenyane.
Yibukije abaje bose mu giteramo ca James and Daniella ko kizira ko umuntu aguma ahagaze mu gihe bazoba bariko barahimbaza Imana kuko bidatanga ishusho nziza ariko buri wese aze kuba mu bihe vyiza vyoguhimbaza nogutazira Imana.
Yasavye abitabiriye igiteramo bose guhaguruka maze afata umwanya mwiza wogusenga Imana bamurika gahunda zose ziri bubere mu giteramo ca James and Daniella, mu ndirimbo Nkoresha, Mpa Amavuta za James and Daniella abaraho bose buzuzwa imbaraga z’Imana maze bazamura isengesho.
Isaha icumi na zibiri n’iminota mirongwitatu n’itatu mu masaha yo muburundi no murwanda (18h33’) niho James and Daniella bagera kuri podiyumu bazamukana isengesho bambaye neza cane Maze James atangura kwigisha ikorasi y’indirimbo nshasha abitabiriye igiteramo bose.
Baririmbye indirimbo 3 harimwo 2 zo mu giswahili ni mu gihe vyagaragaye ko James and Daniella bariko bakora live recording y’indirimbo ziganjemwo igishwali, ivyo vyatumye abantu benshi babonako indirimbo zabo zigiye kwigarurira akarere kose ka Afurika y’ubuseruko kuko higanjemwo ururimi rw’igiswahili.
Murizo ndirimbo harimwo iyo basubiyemwo bari basanzwe bafise mu rurimi rw’ikinyarwanda izwi nka umwami ni mwiza maze ija mugiswahili bongera baririmba n’iyindi nshasha nyene muri urwo rurimi rw’igiswahili.
Inyuma yaho baciye baja mukaruhuko gato ico bise kunywa amazi ariko bari bagiye guhindura impuzu hari igihe c’isaha imwe n’iminota mirongwibiri n’itatu z’ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda (19h23’).
Pastor Benjamin yagarutse kuri podiyumu afata akandi kanya ashimira abitabiriye igiteramo bose ingene berekanye umunezero mwinshi maze ahamagara umusore yitwa David Kaze amushimira ukuntu yama yitanga abafasha mu biteramo bitandukanye vyabo ndetse n’ivyabandi.
David Kaze yaciye afata umwanya wo kubwira abaje bose mu giteramo ca James and Daniella ca live recording y’indirimbo zabo ko bogira ico bakoze kugira bashigikire ivugabutumwa rya James and Daniella bariko barakora.
Yibukije abantu ko nimba sisiteme z’isi zigeze kurwego rwohejuru canke nimba babona ubutinganyi bugeze kurwego rukomeye aruko rufise abarushigikira ati ni kuki none namwe mutofata amafaranga yanyu ngo mushigikire aba bakozi b’Imana James and Daniella?
Abaraho bose baciye bakora ico gikorwa bamwe bakoresheje kode abandi batanga mubiseke maze bigenda neza cane,acasengera abakoze ico gikorwa bose.
Pastor Benjamin benshi bazi kw’izina rya Ben yaciye atanga akarorero k’itsinda rimwe ryo muri amerika rya gospel uburyo usanga barateye imbere kuberako buri wese anezerererwa ugutera imbere kwa mugenzi we, yaciye asaba abaririmvyi bose abaje nabataje kugiranira ubusabane kugira bagere aho Imana ishakako bagera.
Mwomenyako hari haje abaririmvyi batandukanye gushigikira umurimo w’Imana Isumba vyose murico gitaramo ca James and Daniella aho twovuga nka Diana, Alice Tony, Trace, Gaby Kamanzi, ama ministres atandukanye nka alarm ministry, Gisubizo Ministry, Healling n’abandi benshi.
Isaha imwe n’iminota miringwitanu n’ine mu masaha yo muburundi no murwanda (19h54’) niho James and Daniella bagaruka kuri podiyumu. Mu vyushimo vyinshi vyagaragaye mu bitabiriye ico giteramo bakomye amashi menshi cane bavuza impundu bakira James and Daniella.
Bageze kuri podiyumu bongeye bafata umwanya mwiza wo gusenga Imana hanyuma baririmba indirimbo 3 mu nyuma baloncinga umuririmvyi wabo musha yitwa Manzi aririmba indirimbo yahembuye abantu benshi irimwo amajambo meza "Ndaje Ku iriba umpe amazi nyweho mpunze uruzuba rwo mu butayu".
Iyo ndirimbo yatumye abantu benshi bananirwa kwifata bazamura amarangamutima bamwe bararira abandi baravuza akaruru.
James and Daniella bagiye baririmba indirimbo zabo zigiye zirakundwa n’abantu batandukanye .
Mu guheraheza igiteramo cabo James and Daniella baririmvye indirimbo yabo iri mu rurimi rw’ikinyarwanda izwi nka Narakijijwe maze bayiririmba mu rurimi rw’igiswahili ivugango nimeokoka.
Bagiye kuva kuri podiyumu James yafashe akanya arasenga ashimira Imana yabashoboje kugaragaza ubushobozi bwayo iryo sengesho yarisenze Daniella umufasha wiwe amufashe kurutugu.
Ubwo yaragiye kuvuga ijambo ryo gushimira abitabiriye igiteramo cabo abari bitabiriye igiteramo cabo bahise bazamura indirimbo yabo yakunzwe ivuga ngo nubu nihondi maze bituma James and Daniella bananirwa kwifata bongera kuyiririmba.
James yaciye ashimira abitabiriye igiteramo bose ku bwitange bagize ashimira itorero rya New life Bible Church Kicukiro ryabahaye ikibanza bakoreramwo ,acabaha ubuhamya bw’ivyabaye mu giteramo cabo baheruka gukora muri Kigali Convention Center, ingene abantu bakiriye Yesu Kriso nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwabo.
Yongera ati "Hari n’umukobwa w’i Musanze yari afise urugendo rwo kuja mu Buhinde kwivuza maze ahinduza itike y’indege avugako atari bugende atabanje kuja mu giteramo ca James and Daniella".
Uyo mukobwa yarafise uburwayi bwasabako ajanwa mu Buhinde kw’ivuza ariko avuga ko yizera ko ashobora gukirira mu giteramo ca James and Daniella nuko igiteramo kiba ku cyumweru maze ku musi wa mbere wa mukobwa aja kwa muganga i Kigali basanga nta mpamvu nimwe yotuma ajanwa mu Buhinde kw’ivuza kuko yakize.
James yaciye avugako afise ivyizigiro ko no murico gitaramo hazoboneka absahima Imana benshi.
Daniella yafashe akanya keza ashimira abantu bose ashimira abambitse abaririmvyi eka ashimira abantu bose bagize ico bakora kugira ico giteramo cabo kigende neza.
James yarangije abwira abitabiriye ico giteramo cabo ca live recording y’indirimbo zabo zigiye ziganjemwo igishwali ko muntango zu kwa 11 zizaba zagiye hanze kandi ko mu ntango y’umwaka uza bazokora indi live recording y’indirimbo zabo.
Pastor Benjamin benshi bazi kw’izina rya Ben yaciye asozera ashimira abantu bose baje maze abaraho bose bataha buzuye umunezero mwinshi hari isaha zitatu n’iminota mirongwibiri z’ijoro Mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda (21h20’).
Ni igiteramo cari citabiriwemwo n’abantu benshi cane aho twabonye abavuye Canada imodoka z’abarundi bari baje murico gitaramo. Imana ikomeze imirimo myiza y’abakozi bayo James and Daniella.
Ku bipfuza gushigikira ivugabutumwa rya James and Daniella hari kode bashobora gukoresha yanditswe kuri Daniella nayo ni: 182*8*1*536112*.
James and Daniella bakoreye igiteramo muri New Life Bible church Kicukiro cahembuye imitima ya benshi.